Ishano Lyrics
- Genre:Afrobeats
- Year of Release:2004
Lyrics
Ishano - Kidum
...
Buno bumuga iyi nkorora y'agahehera
Rino shano twatamitswe ryoba rifise umuzi
Ino nzigo y'akazikira yo iterwa n'inzara
zino ngeso nzogukunda agapfa
yoba ari kamere abapf'ubusa bitana ibisuma
Bike bikehanira abankana
urusato rw'imbaragasa rwifuka batanu
Ntaho tuzoteka amabuye agasha
Ntaho tuzoronka umuzi w'ibuye
Twatamitswe ishano
Dupfa turi bazima
kandi tubiri tuvurana urupfu
ishano
ishano
ishaa
irishano
ishano
ishano
ishano
irishanooo
Duhishanya urwanko mu bw'iyorobetsi
Dusasira indava ikinyoma tuka vyicuza mu nyuma
Umve ntuze we!
Ako kamere n'ingeso bitubaka
Iyo mvugo itabereye itubaka Dukwiye kuyirandurana n'imizi
tukayituza
abapf'ubusa bitana abanyoni
Bike bikehanira abankanye
Urusato rw'inyoni rwifuka umunani
umve umve!
Ntaho tuzoteka amabuye agasha
Ntaho tuzoronka umuzi w'ibuye
Twatamitswe ishano
Twapfuye turi bazima
kandi tubiri tuvurana urupfu
ishano
ishano
ishaaaa
irishano
iyooo iyooooooo iyooooooo
Twatamitswe ishano(×2)
Nukuri burya ishano sirica mu kanwa gusa
mu mvugo ishano no mu ngiro ishano
inyigisho z'ishano
Ntaho tuzoteka amabuye agasha(Jewe)
Ntaho tuzoronka umuzi w'ibuye(Twatamitswe)
Twatamitswe ishano(ishano)
Dupfa turi bazima
ishano
ishano(ishano ryasesa nkuyozeeeee)
ishano(×2)
Twatamitswe ishano
Dupfa turi bazima yeah(×5)