Mfura Ya Mama Lyrics
- Genre:R&B
- Year of Release:2018
Lyrics
Ese we kugenda utakiruhuka wugana hehe?
Ese mama ntateka canke ugiye kuryama avuge k'agukunda?
Konzi papa agukunda nabana ba mama baguha urukundo
Uzagaruka canke ugiye kwigumirayo nkarubanda?
Ese warashitse canke Uracabandanya uzashika ryari?
Ese uwo wagiye kureba we yaraje kugusanga?
Akwakire ivyo we wagiye ujanye ushike amahoro?
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama ese wewe uramahoro?
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama
Mfura ya mama uhmm uragabe!
Ese uwowagiye kureba wewe arakomeye?
Ese warashitse we mumahoro canke uracabandanya?
Kuki atagusanze ng'arabe kukomeye agutwaze?
Ese uzagaruka canke ugiye kwigumirayo nkarubanda?
Ko amayira yose wayamaze wewe uzaza ryari?
Africa yose warayimaze uracabandanya
Watwicije intuntu mfura ya mama mwana wa mama
Naje sinkiririmba ijwi ng'uryumve n'amarira
Uzaza ryari mama?
Uzaza ryari mama?
Uzaza ryari, ese hoho warashitse?
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama
Mfura ya mama, ese hoho warashitse?
Ese uwo wakurikiye aracakubwira k'agukunda?
Ese arakubwira ko muzasazana nka mama na data?
Ese arakuraba akakubwira k'uri umukobwa mwiza?
Ese we uraryohewe mama
Mbarira noye kurira mama
Ese we uzagaruka mama
Canke uzamera nkarubanda ma
Ese we uraryohewe mama
Mbarira noye kurira mama
Ese we uzagaruka mama
Canke uzamera nkarubanda ma
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama mama
Mfura ya mama, ese hoho warashitse
Mfura ya mama mama
Uzaza ryari mama
Uzaza ryari mama
Uzaza ryari mama
Uzaza ryari, ese hoho uramahoro?
Mfura ya mama mama
Uzaza ryari mama
Mfura ya mama mama
Uzaza ryari mama
Mwana wa mama, ese hoho uramahoro?