Umuntu wa kane ft. Fabrice & Maya Lyrics
- Genre:Gospel
- Year of Release:2024
Lyrics
Yesu mfise vyinshi binzanye aha
Sinobesha ko ntafise ibingoye
Nje gushima bimwe wankoreye
Nibutswa ko udakangwa n'ibihe
Ku ntebe y'icubahiro
Niho uvyagiye
Uri Umuntu wa Kane
Mu muriro w'itanure
Yesu ntumenyerwa
Wugarakanwa k'intare
Maze zikicara nazo zigasenga
Yesu ni we uganje
Shimwa
Ivyo mwisi nziko bizohera
Mpa gukunda no gukumbura ijuru
Nikorere umusaraba wanje
Nezerezwe n'ukugororoka
Bigumye canke vyoroshe
Nzokwumirako
Uri Umuntu wa Kane
Mu muriro w'itanure
Yesu ntumenyerwa
Wugarakanwa k'intare maze
Zikicara nazo zigasenga
Yesu ni we uganje
Shimwa
Nzi k'ushoboye kunkiza
Ukankura muri aya maganya
Ariko naho utobikora
Sinzopfukamira izindi mana
Uri Umuntu wa Kane
Mu muriro w'itanure
Yesu ntumenyerwa
Wugarakanwa k'intare
maze zikicara nazo zigasenga
Yesu ni we uganje
Shimwa