Mama Lyrics
- Genre:World Music/Folklore
- Year of Release:2024
Lyrics
Nta shimwe ryokwira mu majambo
Nta matungo nta maka nta matongo
Zahabu canke feza
Ntaco vyoza bimara
Kuko inyuma y'Imana haza wewe Mama
Mama
Wandinze inzara undinda inyota
Mama
Undinda umwanda undinda ubwoba
Urirya urimara Uriyima
Ngo singire ico mbura
Ugwana intambara zidasanzwe mbasha gukura
Wewe watubika umukanda ndiko ndafunguraaa
Ntukagire ico ubura
Akira amashugwe yawe
simba imanga
Muvyeyi wamvyaye urandera
Akira amashugwe yawe
Muvyeyi wamvyaye urandera
Aho ngeze nivyo mfise ni wewe mbikesha
Ntanigiciro mfise noriha
Ivyo usaba kw'isi no mwijuru vyose ubironke
Uri umugisha w'Imana
Mama
Wewe wampaye izina mu bantu
mama
Unyigisha Ubuntu n'indero runtu
Wewe wangize umuntu
Urirya urimara uriyima ngo singire ico mbura
Ugwana intambara zidasanzwe mbasha gukura
Wewe watubika umukanda ndiko ndafungura
Uuuuu ur'uwagacirooo
Oouoh
Akira amashugwe yawee
Akira amashugwe yawe mama wanje
Muvyeyi wamvyaye urandera
Wewe buraro n'uburamuko
Akira amashugwe yawe
Simba imanga
Muvyeyi wamvyaye urandera
Muvyeyi wamvyaye urandera
Akira amashugwe yawe
Ntaho nogera ntarikumwe nawe
Muvyeyi wamvyaye urandera
You are my queen my super woman
Akira amashugwe yawe
Sinzoruha kugusengera
Muvyeyi wamvyaye urandera
Muvyeyi wamvyaye urandera