![Ishaka ft. Double Jay](https://source.boomplaymusic.com/group10/M00/09/05/94c12338ab264b3ca9f6404146aae1b1_464_464.jpg)
Ishaka ft. Double Jay Lyrics
- Genre:Hip Hop & Rap
- Year of Release:2022
Lyrics
Uoo
Uoo
Ooh oh uwo wooh
Yeah yeah
Unh
Ivyisi birarusha kubironka numwanya
Na vyinshi vyarangora bakinyita umwana
Kumfata nkigitoto muri bato ndabigwanya
Ubuzima bwo nashakaga nta bwari bwo gufyina
Kuko ubukene bwinshi buratuma ubigisuma ntagukina
Uzanye ibihanga imbere nuguhongora ntagushinya
Abansi nabo bigira abagenzi ndafinya
Kuko ntutera imbere nyimba mwama mugendana
Korana ishaka mubuzima kuko ntavyizana
Itunga nturivukana ahubwo urarikurana
Intambwe nukurondera siyo gusotorana
Kandi siyo kwicana kubera amafaranga
Koresha ubwenge mubikogwa nkumuhinga
Kubaho ukora bibi navyo bitera agahinda
Kwicisha bugufi muvyukora ubona intambwe kandi ushiremwo umwete
Mm
Burya uwutazi ivy'isi
Yama avyita gwiwe ee
Korana inguvu nyishi
Bizogenda neza we ee
Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye
Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye
Yeah
Birababaje kugira inguvu hama ntukore
Harya uwutera imbere aryama gato akavyuka kare
Uwama arumunebwe asaba uwufise amarare
Uwusaba akakwishura nkuwama afise amacare
Hama akakuraba nkuwutagira morale
Urima itiro mubuzima ukimbura ingonera
Uwutarima ntamira utazi imigani ndakubwira
Imana yaduhaye impano yogukora niyo kwimbura
Rondera amahera mumahoro naho ahera
Intambwe yo narondera ubu jewe ndayibona
Ndashimira Imana buri musi yama inzigama
Hamwe na Mama yama antera intege mubuzima
Uronse ibintu vyiza ntuzibagire gushima
Shima ibiciye imbere kuruta ibiguca inyuma
Inyuma hari ibanga ivyimbere urabibona
Ivyinyuma ninyuma bishobora kuguhitana oh na na naa
Mm
Burya uwutazi ivyisi
Yama avyita gwiwe ee
Korana inguvu nyishi
Bizogenda neza we ee
Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye
Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye
Ye ye ye ye
Ye ye ye ye
Yeah
Kura amaboko mumpuzu kora
Erega ntibizoza wicaye
Ntawundi muti atari gukora
Tera iteka abakuvyaye
Ubuzima butangwa ni Imana
Ariko nayo yamifasha uwifashije
Reka gutakaza umwanya rondera uzugire aho wigejeje
Korana ishaka mwana wa Mama aye ye yeah
Burya uwutazi ivyisi
Yama avyita gwiwe ee
Korana inguvu nyishi
Bizogenda neza we ee
Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye
Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye