Har'Intsinzi Lyrics
- Genre:Gospel
- Year of Release:2021
Lyrics
Yezu Mwami wanje naragutabaje uranyitaba
Mwiza wanje warantez'ugutwi
Ndakwiganira ibimbakiye nawe urahez'umbwir'uti
Mwana wanje ndakuzi we ntushoboye
Iyo ngwano si rwawe mperez'imitwaro yawe yose
Ndayikorere ndakurind'inabi
Nunyizere unyegurir'ivyawe vyose
Yezu ndakwihaye ngw'in'ungwanire
Yezu urandinda
Urandind'umwansi
Undind'umwansi shetan'igihe cose anteye
Umpa kumunesha
Ntawusa nawe
Ntawusa nawe
Muri we har'intsinzi ntawusa we
Muri Yezu har'ubudasa
Harih'ubudasa
Harih'ubudasa
Uwo mwans'adutegera kuvyo kamere yacu yipfuza
Bimar'umwanya urume rumara
Ngw'in'uduhumure tutari kumwe yotunesha
Kuk'urugamba ugwanye intsinzi yama ar'iyawe
Nukuri Yezu wacu niw'udushigikiye ngo ntitugwe
Mu mitego yose y'umugwanizi
Niwudushoboza tukam'ivyamwa vyiza
Turakengurutse Yezu ngw'ino twamane
Yezu waraturinze
Waturinz'umwansi
Waturinz'umwansi shetan'igihe cose aduteye
Uduha kumunesha
Ntawusa nawe
Ntawusa nawe
Muri we har'intsinzi ntawusa we
Muri Yezu har'ubudasa
Harih'ubudasa
Harih'ubudasa
Nagabanye
Nagabanye
Intsinzi
Intsinzi
Mur'iryo zina
Mur'iryo zina
Izina ryiza izina rya Yezu
Izina rya Yezu Mucunguzi
Ni we ntwari ni nyen'intsinzi
Ni nyen'intsinzi mutananirwa
Ni we muhoza ni karuhura
Ni karuhura ntawundi nipfuza
Nagabanye
Nagabanye
Intsinzi
Intsinzi
Mur'iryo zina
Mur'iryo zina
Abaserafini badufashe
Gushima Yez'umucunguzi
Ni we nkomezi nyen'ububasha
Ni nyen'ububasha mutananirwa
Yezu wanje ntawe mungana
Reka nkuririmbe ntawundi nipfuza
Yezu Yezu Yezu Yeezu We
Uturind'umwansi
Uduha kumunesha
Muriwe har'intsinzi ntawusa nawe
Yezu Yezu Yezu Yeezu We
Uturind'umwansi
Uduha kumunesha
Muriwe har'intsinzi ntawusa nawe
Yezu Yezu Yezu Yeezu We